Y'AMASHIRAHAMWE
N°87
AVRIL 2007

   
line decor
line decor

 
 
 

 
 
UBURUNDI BWACU    

I TUVUGE UBURUNDI BWACU.

Iciyumviro c’Umudagi Hans Meyer (1916).

Mwezi GISABO Umwami mukuru mu Burundi.

Mwezi Gisabo ntiyari Umwami mukuru mu Burundi gusa, ariko mbere umwe mu bami bakuru bo muri Afrika yo hagati be niyo mu Buseruko. Ico yabuze kugira ashikire ubutwari bwa Mirambo, Mutesa, Rwabugiri canke Musinga, ni ishaka ry’ukurwana, umutima w’ukwituma ikintu badatinya abansi, mugabo barahatswe kungana kubera ubwenge bwiwe, ingingo yiwe kandi yarabarengeje mu bukerebutsi bwiwe.

Mu buto bwiwe yapfuye ijisho (ngo ariko arakina), akuze naho amugara ukuguru kubera urugamba yari yagiyemwo. Nico gituma mu minsi ya nyuma atashobora gutambuka neza. Mu bisanzwe ntiyaboneka ko yari umwami, yambara ibibaye nk’Umurundi wese: impuzu y’inyagiti ata bisharizo, yitwikira umutamana ngo umuyoberanye, kugira abanyagihugu bamwubahe kuruta, bamutinyira n’ubushobozi bwiwe bwegera ubw’Imana, kandi yihishe uko ashoboye abanyamahanga bamugendera.

Ubutunzi bw’igihugu cacu c’Uburundi.

Ibice 54 kw’ijana vy’ubutunzi bwacu, biva m’uburimyi bukorwa n’ibice 85 kw’ijana vy’abanyagihugu. Ubwo burimyi bukaba butanga ibidandazwa bitatu njabuka mazi, ni ukuvuga: icayi, ipampa n’ikawa.

Inzuzi zohakurya n’izo mu gihugu c’u Burundi.

Imbere yuko tudondagura inzuzi nkuru n’ibiyaga vyo mu Burundi, twobanza kuvuga ko hari urunani rw’imisozi miremire ruva muri Porovinsi ya Kivu muri Repubulika Demokaratike ya Congo rukabandanya mu buraruko bw’igihugu c’Urwanda rugashika i Mabayi mu Burundi, rugaca i Musigati, mu Bukeye, rugashika i Bururi mbere rukabandanya no muri Tanzaniya.

Urwo runani rugabura amazi y’Uburundi mwo kubiri. Amazi ari i bumoso bw’urwo runani atemba aja muri ca cuzi citwa Nili.
Ayari i buryo nayo atemba aja muri ca cuzi citwa Zayire.

Inzuzi nkuru nkuru zisuka mu cuzi Nili n’izi:

Akanyaru n’Akagera bitandukanya Urwanda n’Uburundi; Ruvubu rugizwe n’ihwaniro ry’inzuzi nyinshi nka Ruvyironza ruhitanana na Mushwabure; Waga ruba rwafatanye na Kayokwe; Mubalazi ruhwana na Mucece na Kaniga; Nkokoma; Nyamuswaga ruzanana na Nyakijima; Mugogo; Ndurumu; Kayongozi; Sanzu na Nyakijanda zica zitwa Nyabaha.

Hariho n’izindi nzuzi ziri mu buraruko bw’Uburundi zisuka mu nzuzi Kanyaru na Kagera no mu biyaga Cohoha na Rweru.

Inzuzi nazo zisuka muri ca cuzi Zayire n’izi:

Uruzi Rusizi rwisuka muri Tanganyika rukaba rufise amashami y’inzuzi zikwirikirana: Ruhwa; Nyakagunga; Nyamagana; Muhira; Kaburantwa; Kagunuzi rugizwe na Gitenge na Mutoke; Kajeke na Mpanda.

Izindi nzuzi zitembera muri ico kiyaga Tanganyika ni: Muzazi; Ntahangwa; Mugere; Nyamugende; Ruzibazi; Dama; Murembwe rugizwe Kibarazi, Jiji na Siguvyaye; Buzimba; Nyangwe; Rwaba na Mushara.

Izindi nzuzi zitemba mu Kiyaga Tanganyika zibanje guca muri Tanzaniya mu ruzi Malagarazi n’izi:

Rukoziri; Mutsindozi; Musasa rufatanye na Muyovozi; Nyamabuye; Rugomo; Zuru rwisuka muri Rumpungwe.

Mu nzuzi nkuru nkuru nka zose harimwo ifi zitari nke, ariko mu nzuzi zica mu ntara zo mu Mugamba ifi si nyinshi cane kubera ubushuhe buke bw’amazi.
(Agatabo terimbere niko kadufashije gutororokanya aya makuru).